Indirimbo ya 41:
NASEZERANIJE GUHORA

41 r O Jesus I have Promised tune G.B. 47

1

Nasezeranije guhora Ngukurikira Yesu, Imisi yos' umpore hafi Mukiza wanje mwiza. Sinzokwigera ntiny' intambara, Wew' umpagaze hafi, Sinosbobora kuzimira Ni wahor' unyobora.

2

Ndagomba kukwumv' umba hafi, Kukw ivy' isi binsuka, Amajwi yavyo numv' ageza Kungwisha ngo nkuveko. Ababisha babi bankikije Bar’inyuma n' imbere, Ariko Yes’ ubatangire, Undind' ibicumuro.

3

Ijwi ryawe ryiza Mukiza, Rindutir' ayo yose, Unyongorere mu mutima, Sinkumvir' ibinsuka. Wam' umvugira hafi ngo ndeme, Umbarir' ivy‘ ugomba, Uvuge nanje nzokwumvira Mukiza nizigira.

4

Mukiza, wasezeranije Abagukurikira Yuko bose bazoj' i wawe, Bagahorana nawe. Kandi nanje nasezeranije Guhora ngukorera; Mfashish' ubushobozi bgawe Databuja, Mukunzi.

5

Kand' umpe kuger' ikirenge Mu c'i wawe Ndongozi, Nta bundi bushobozi Yesu, Nizey' atar’ ubgawe. Hor' undongor' unjana Mukiza. Ugez' aho nzopfira, Maz' uz' unyakire mw ijuru Mukunzi wankijije.

Amajambo yo mu ntango

Indirimbo Zo guhimbaza imana Nimushimire Uhoraho yukw’ari mwiza, Kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe vyose. Abacunguwe n’Uhoraho bavuge bartyo, Abo yacunguye, akabakura mu kuboko kw’umwansi. Zaburi 107 :1,2. Abreviations : G.B. - Golden Bells (C.S.S.M3-7Wigmore St., London, W.I.) T.H. –Tabernacle Hymns No. (Tabernacle Publishing Co., Corner Lakes St. & Waller Ave., Chicago, III.) M.S. – Manuscript. (This includes all tunes which do not occur in the above two books. The music may be found in sankey’s Songs and Solos, Worship in Song, Christian Service Songs, Alexander’s Hymns No. 3 and other well-known books) Doxology. G.B. 702; T.H. 324 Dushime Nyen'umugisha, Tumushime mw’isi twese, Namwe mw ijuru mushime Dat' Umwana Mpwemu Yera. GUHIMBAZA

Nashville African Church

Questions & answers

Which hymn book contains “Nasezeranije guhora” at Nashville African Church?

It is song 41 in Indirimbo zo mu GUHIMBAZA-KIRUNDI. The lyrics on this page are in Kirundi.

Can I search for a different song from “Nasezeranije guhora” on Nashville African Church’s website?

Yes. Use the song search on this reader page. Type a number or title, then choose a matching song from the results.

How do I return from “Nasezeranije guhora” to the Nashville African Church song list?

Choose “Back to songs list” in the song navigation to see all the hymns in Indirimbo zo mu GUHIMBAZA-KIRUNDI.

Can I read “Nasezeranije guhora” on my phone through Nashville African Church’s hymn library?

Yes. The lyrics for “Nasezeranije guhora” are presented in a responsive reading layout. Use Previous song and Next song where available.