353 Someone will enter. M.S.
1
Hariho bamwe bazinjira
Mw ijur' iyo(2)
Babon' ivyiza babikiwe,
Uzobayo? Je nzobayo?
Hariy' inzira z'izahabu,
Zikayangana cane hose,
Hazob' ishimwe n' ibirori:
Uzobayo? Je nzobayo?
2
Bazoruhuk' umusaraba,
Nta kabuza, (2)
Bagabirw' igitsibo ciza:
Uzobayo? Je nzobayo?
Bazobon' Umwami w' ubgiza,
Ata mubabar' ukiriho,
Bame banezeranywe na we:
Uzobayo? Je nzobayo?
3
Abazokomanga ku rugi,
Bugaranywe(2)
Bazobarirwa ngo Simbazi!
Uzobayo? Je nzobayo?
Nta kizobumva ni bavuga,
Urugi ruzoba rukinzwe,
Ntibazobona ça gitsibo:
Uzobayo? Je nzobayo?
4
Bamwe bazama baririmba
Bari kumwe (2)
N' ababohowe n' amaraso:
Uzobayo? Je nzobayo?
Bari ku misozi yera de,
Banezeranywe n' Umukiza
Bakiz' umubabaro wose:
Uzobayo? Je nzobayo!
Amajambo yo mu ntango
Indirimbo Zo guhimbaza imana Nimushimire Uhoraho yukw’ari mwiza, Kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe vyose. Abacunguwe n’Uhoraho bavuge bartyo, Abo yacunguye, akabakura mu kuboko kw’umwansi. Zaburi 107 :1,2. Abreviations : G.B. - Golden Bells (C.S.S.M3-7Wigmore St., London, W.I.) T.H. –Tabernacle Hymns No. (Tabernacle Publishing Co., Corner Lakes St. & Waller Ave., Chicago, III.) M.S. – Manuscript. (This includes all tunes which do not occur in the above two books. The music may be found in sankey’s Songs and Solos, Worship in Song, Christian Service Songs, Alexander’s Hymns No. 3 and other well-known books) Doxology. G.B. 702; T.H. 324 Dushime Nyen'umugisha, Tumushime mw’isi twese, Namwe mw ijuru mushime Dat' Umwana Mpwemu Yera. GUHIMBAZA